Ticker

6/recent/ticker-posts

IVYAHISHURIWE YOHANA IGICE CA KABIRI

IVYETE YESU YANDIKIYE AMASHENGERO NDWI

Amashengero? Amazina? Aziya ntoya? Ibiterekwako amatara? Inyeneyeri? Yesu?

Victorinus: avuga ko iyo ari Kiriziya Gatolika y’ibihe Vyose.

Iyi ninayo yari imyumvire y’uwitwa Tichaenius yabayeho mu kinyejana cya kane; na Arethas w’Ikapadokiya, na Primasius w’Adrumetum bo mu kinyejana cya gatandatu; na Vitringa, Mede, More, Girdleston, hamwe n’abandi bagabo bashimikiriye iby’Ijambo ry’imana bo mu bihe byakurikiyeho nyuma.

ICETE CANDIKIWE ISHENGERO RYO MURI EFESO.

Nkuko twabibonye ko igitabo c’Ivyahishuriwe Yohana kitandikiwe abantu bose kiretse imbohe za Yesu gusa, babandi bamaze kumwiyegurira, ariwe aganza ubuzima bwabo ngo abatume no kuri benedata bandi bataramwizera, ukaba utariyegurira Yesu mwiyegurire, Iyegurire uwagukunze akakwigura. Rero niko biri no ku mashengero indwi. Ntabwo bireba abari mu mashengero yose, ahubwo handikiwe Malayika wa buri shengero. Handikiwe gusa abafashe igikorwa c’Imana nk’inshingano yabo ya mbere, bakunda Yesu, bitondera amategeko y’Imana kubwo kwizera kandi kubw’urukundo bakunda Yesu bama bakora bitanga ngo bamumenyekanishe kubataramumenya, n’abana babizigigwa kumuremyi wabo. Ni abantu bemeye gukorana na Yesu.

Iyo bavuze Abamarayika bandindikiwe bino vyete nkuko twabibonye, Ni abakozi Yesu azi atuma bagatumika, avuga bakumva kandi bagakora ivyo bamubonanye vyose, ni abo bose yahamagaye kandi akabatuma, kuko abitumye nabo barahari (Yer 23:32; 29:9).

Mu gihe dusoma buricete candikiwe Umumalayika wa buri shengero, tugomba guhagarara gato , maze buri musomyi akabanza akibaza niba koko imbere ya Yesu agaragara nk’Umumalayika w’ishengero. Niba usanze mu kuri utari Umumalayika, Banza uje kwoga mumaraso ya Yesu, hama uheze ucubandanya ukurikirana ibi vyirwa, Kuba uruwejejwe na Yesu, bituma ushishikara gutahura ibi vyirwa, nturindire Iyegurire Yesu bicitwa unomusi.

Victorinus, umwepiscopi w’ahitwa Petawu (Pettau) mugitabo ciwe yise Scholia in Apocalypsin yasobanuye amashengero indwi yo mugitabo c’Ivyahishuriwe Yohana avuga ko iyo ari Ecleziya Gatolika y’ibihe vyose.”

Uko niko na Tichaenius yabayeho mu kinjana ca kane ya vyumva; na Arethas w’Ikapadokiya, na Primasius w’Adrumetum bo mu kinjana ca gatandatu; na Vitringa, Mede, More, Girdleston, hamwe n’abandi bagabo bashimikiriye ivy’Ijambo ry’imana bo mu bihe vyakurikiyeho munyuma.

Mede yavuze igitekerezo ciwe kuri ivyo mu majambo akurikira: amashengero indwi yo mugitabo c’Ivyahishuriwe Yohana yari agendereye kuba igishushanyo gishushanya ibihe vyinshi vya Ecleziya Gatolika. Ntagukekeranya hari impamvu nyishi twabonye mugice ca mbere ciki gitabo zitwereka ko ano amashengero indwi yo mugitabo c’Ivyahishuriwe Yohana agereranya ishengero rya Christo ryari rigiye gucamwo mubihe birebire kugeza Yesu agarutse, Buri gihe cose cagiye kigereranywa na buri shengero n’igisagara ryaba ririmwo hisunzwe ibizoba biranga igihe iryo shengero rizobamwo.

Ishengero rya mbere ryavuzwe ngaha mwiki gice ni Efeso. kurikirana ino video kugira ngo utahure muburyo bwimbitse

Ku banesha, hari isezerano ryo kuzasubizwa ibirenze ivyo Adam yatakaje ku bw’icaha. Ntabwo iri sezerano ari iry’abanesha bo mu gihe ca Efeso gusa, ahubwo ni abanesha bo mu bihe vyose, kuko mu bihembo vyo mw’ijuru nta kurobanura kuzobayo. Mugenzi, haranira kuzobana natwe mu banesheje kubwa’amaraso ya Yesu. Kuko uzohabwa kurya ku giti c’ubugingo kiri hagati muri Paradiso y’Imana, ntuzokongera gupfa ukundi.

ICETE CANDIKIWE ISHENGERO RYO MURI SIMURUNA

Ishengero ry'isimuruna ryahuye nakaga gakomeye ariko ririhangana, riranesha

kurikirana iki cirwa muburyo bwa Video kugira utahure neza cane.

ICETE CANDIKIWE ISHENGERO RYO MURI PERUGAMO

Ishengero ryabanjirije Perugamo ari ryo Simuruna, nta jambo ryo kugawa ryarivuzweko. Mu bihe vyose, agahamo kagiye gatuma Ishengero ry’Imana rigumana ukwera kwaryo, abarigize bagakomeza kuba abera imbere y’Imana.

Ijambo Perugamo risobanura “ AHARENGEYE, AHITARUYE” Muca muvyumva ko iki gitegerezwa kuba ari igihe co gushirwa hejuru kw’ Ishengero.

Perugamo cari igisagara cubatswe ahirengeye, kubwivyo abatunzi niho baza kubika ubutunzi bwabo, carigeze kandi kugigwa igisagara gikuru co muri aziya ntoya, ivyo vyose nivyakorerwa vyose murico gisagara birashobora kudufasha gutahura impamvu Yesu yagereranije ishengero ryo murico gisagara n’igihe co gushirwa hejuru kw’ishengero.

Abantu bo kumunara w’I Babeli nibo nkomoko y’imirwi irwanya Imana, Bari bayobowe na Nimurod uwari yariyise ikimana zuba. Itanguriro 11 Danieli ko Mu mwaka ugira gatatu Yehoyakimu umwami w'Abayuda ari ku ngoma, Nebukadineza umwami w'i Babuloni yaje gutera i Yerusalemu, arahakikiza. Umwami Imana agabura Yehoyakimu umwami w'Abayuda mu maboko yiwe, bo n'ibintu vy'imbombovu bimwe vyo mu ngoro y'Imana, abijana mu gihugu c'i Shinari mu nzu y'imana yiwe; ashira ivyo bintu mu nzu y'ububiko bg'iyo mana. Daniyeli 1:1-2

Igihe ubwami bwaba Medi naba Peresi bwakuraho ubwami bwa Babuloni, Abakaludaya baciye bimukira I Perugamo bahubaka amashengero y’ibishushanyo vyabo, barahubatse amashuri, nibindi bigo, vyatumye haba icicaro cabasenga ibigigwamana.

Umwami waho yahavuye agabira umu Kayisali w’I Roma ishamvu yo gushinguramwo ubutunzi, bituma Abapagani babakaludaya baronka uburenganzira bwo kunga ubucuti n’abapagani b’iroma. Akaranda ko kurwanya umuremyi kari muri ba Nimrod kaba karinjiye mubapagani b’I Roma.

Muzirikane ko aho umurwa wa Satani uri harengeye kuba ahantu hamwe, ikibanza kimwe, naho hose inyigisho za Satani zo kurwanya umuremyi zarwiriye. Reka tubandanye dusoma turabe ukuntu inyigisho zabakarudayo zari zaragirwiriye kugezaho Yesu abona ko abizera bico gihe bari bageramiwe nazo. Ivya Antipa nivyo nyene turabitahura tubikuye murino mirongo ikurikira.

  • Kuki Yesu yagarutse kuri Balamu yabayeho kera?
  • Ese imibereho y’ishengero ryo mu gihe ca Perugamo yari ifitanye isano ki n’imibereho y’ishengero ry’Imana mu gihe ca Balamu?
  • Kugira ngo tumenye neza ubutumwa Kristo atanga kuri Perugamo, biradusaba kwongera gusesengura ivya ico gihe. Balamu yarumuntu ki kandi amateka yiwe yagenze gute kugeza kwiherezo?
Igihe ca Perugamo gihera mu gihe c’umwami Constantino, igihe yatangarije ko nawe abaye umukristo, akabatizwa umubatizo wo gutonyerezwako umutonyi mu mwaka wa 323 A.D. kugeza ku gihe ubupapa bwari bumaze gunshinga imizi mu mwaka wa 538 A.D.

Kurikirana ido nido murino video iri aha hasi

16 Nuko rero ni wihane: n'utihana nzoza kuri wewe vuba, kand' abo nzobarwanya, mbakubite inkota yo mu kanwa kanje. Uyu numuhamagaro wo kwihana, Abantu bafashwe ninyigisho zizimiza bose zadurutse ico gihe bahamagarirwa kwihana, Impera n’imperuka ijambo ry’Ukuri ry’Imana rizotsindisha abo bose banka kuryumvira kumusi w’urubanza

17 Uri n'ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Unesha nzomuha kuri manu yanyegejwe, kandi nzomuha ibuye ryera, kur' iryo buye handitswekw izina risha, nta muntu arizi, atar' uzorihabga. Ivyahishuriwe Yohana 2:12-17

Abantu benshi bagize ico bavuga kuri iyi Manu, Ibuye ryera n’Izina risha, bavuze ko ibi bishushanya imigisha y’ivya Mpwemu abantu b’Imana bazohabwa, ariko nkayandi masezerano yahawe abanesha, nta gukuekeranya, iyi migisha irerekeza kwiherezo, kandi izotangwa cagihe igihe kizaba kigeze ngo abagororotsi bahabwe ivyasezeranywe.

Mugihe ca kera , aho abari kurugendo vyari bigoye kubona aho kurara kuko ntamahoteri yabaho, Umuntu aguhaye indaro yaba agufashije. Mugihe umuntu aguhaye indaro, akenshi mwaca mugiranira amasezerano yubucuti, mukugira ayomasezerano bakoresha ibuye.

Iryo buye baricamwo kabiri, buri igipande cose kikandikwako izina ry’uwutanze isezerano.

Ayo mabuye barayabika bakayaraga nabuzukuruza, kandi abanyamuryango baranyegeza iryo zina kugira ntihagire uwuzohava yiyitirira ayo masezerano. Uwunesha Yesu azomuaha indaro , kandi amuzimane kuri manu yanyegejwe, Hama bazoca garanira amasezerano yo guhana ibuye ryera, kur' iryo buye Yesu azoba yaryanditseko izina risha, nta muntu arizi, atar' uzorihabga.

ICETE CANDIKIWE ISHENGERO RYO MURI TUWATIRA.

Ijambo Tuwatira risigura uburyohe bwigikorwa canke ikimazi co kwibabaza. Umwami Yesu yari yaravuze ico gihe. Ico nigihe catanguye mumwaka 538 aho intwaro y’ubu Papa yari yamaze gushinga Imizi.

Agahamo katumye baba inzahabu ikuweko ikamba. Cabaye igihe c’ivugurura muvya Mpwemu cakataraboneka.

Izina Yezeberi ryakoreshejwe nk’ikigereranyo canke umugani. Yezeberi ni izina ryumugore wa Ahabu yishe abahanuzi b’Imana akosha umugabo wiwe Ahabu mugusenga ibishushanyo, kandi akagaburira abahanuzi ba Bayali ku meza yiwe. (Soma 1Abami 18:19; 21…). Birakwiye ko ducukumbura kugira umenye Yezeberi uwariwe, icashushanya ngaha, n’igikorwa ciwe.

Kurikirana ino video kugira ngo utahure neza kurino ngingo

Mu gihe ca Perugamo niho Yezeberi (idini ya Roma) yinjiye mw’ishengero. Ariko ico cari igihe c’ubukumi bwiwe. Cari igihe ciwe co kwiyoberanya kugira ngo abanze ashinge imizi muri Isirayeli. Idini ya Roma, ari nayo yaje kubatizwa izina rya Ecleziya Gatolika y’i Roma, imiterere yaryo nyayo ntiyigaragaje uko iri mu myaka ya mbere icinjira mw’ishengero.

Uyu musi ibintu ni urujijo, abantu bose ni abakristo. Indamukanyo ni Yesu ashimwe.

Amadini yose yitwaje Bibiliya mu biganza vyabo, ariko ntabwo bose Bibiliya ari iyabo. Umusi ugiye kugera, Imana igaragaze abayo nyakuri n’abiyitirira gusa izina ryayo.

INDUNDURO KURIKI GICE CA KABIRI

Amashengero ane yambere avurwa mugice ca kabiri, ayandi tuzoyabona mugice ca gatatu, impamvu yagabuwe uko nuko amwe avuga ibibanza ayandi akavuga ivyigihe c'iherezo.

Mugenzi Yesu agiye kuza vuba, Arikw ivyo ni vyatangura kubaho, muze murangamize, muraramike imitwe yanyu kuko gucungurwa kwanyu kuzoba kugira gushike. Luka 21:28

26 Unesha akitondera ibikorwa vyanje agashitsa kw iherezo, nzomuha ububasha bgo kuganza amahanga:

Arik' uwihangana, agashitsa kw iherezo, ni we azokira. Matayo 24:13

Kubwo kwitondera amategeko y’Imana turahabwa isezerano: Nsaba, nzoguha amahanga, az' abe umwandu wawe, N'impera z'isi zize zibe ishamvu yawe. Uzobavunaguza inkoni y'icuma, Uzobamenagura nk'ikibumbano. Zaburi 2:8-9

Kanda ngaha kugira Telechargement y'iki cirwa muburyo bwa Powerpoint

Ufise ikibazo, canke ukaba wumva ufise ico woterera kuriki cirwa, ushobora kuvyandika muri commentaire canke ukaturondera kuri contact ziraha musi.

Whatsapp: Kanda ngaha , Facebook: Mugihugu c'Ivyiza TV, Email: Kanda ngaha

Enregistrer un commentaire

0 Commentaires