Daniel 2 expliqué complètement : prophétie de la statue et fin du monde
Daniel 2 ni kimwe mu bice vy’ingenzi cane muri Bibiliya. Kirerekana ubuhanuzi bw’amateka y’isi kuva kera gushika ku mpera z’isi. Iki cigwa kiragufasha gutahura neza ico Bibiliya ivuga ku bihe turimwo.
Inzozi za Nebukadineza
Umwami Nebukadineza yarose inzozi zidasanzwe. Yabonye igishusho kinini (statue) cari kigizwe n’ibice bitandukanye:
- Umutwe w’izahabu
- Igikiriza n’amaboko vy’ifeza
- Inda y’umuringa
- Amaguru y’icuma
- Ibirenge vy’icuma kivanzemwo n’ibumba
Hanyuma, ibuye ryaraje rihonda ico gishusho kiragisenya cose.
Ubusobanuro butanrwa na Daniel
Daniel yasobanuye ko izi nzozi ziva ku Mana kandi zisobanura ingoma zizokurikirana kw'isi.
1. Umutwe w’inzahabu – Babuloni
Umutwe w’inzahabu ugereranya ubwami bwa Babuloni, bwari bukomeye kandi bwuzuye ubutunzi.
2. Ifeza – Medo-Persia
Ubwami bwa Medo-Persia bwakurikiye Babuloni, bukayitsinda.
3. Umuringa – Ubugiriki
Ubugiriki bwa Alexandre le Grand bwategetse isi yose mu gihe caco. Nimbwo bwami bwa gatatu bwatwaye isi mu mateka, nibwo bwagereranijwe n'umuringa.
4. Icuma – Roma
Roma yari ubwami bukomeye cane, bwatsinze ibihugu vyinshi. Yarahondaguye vyose, nkuko icuma kimenagura vyose.
5. Icuma n’ibumba – Ibihe vya none
Ibi vyerekana ibihugu vy’ubu bidahuza neza, ni co gituma hari intambara n’ukutumvikana. Ntibizofatana nkuko icuma kitavangika n'ibumba. Abami batandukanye baragerageje guhindura uburayi igihugu kimwe, ariko vyaranse nkuko ubuhanuzi bwari bwavuze.
Ibuye ryavuye ku Mana
Iryo buye risobanura ubwami bw’Imana buzosenya ingoma zose z’abantu. Ubwami bwa Christo Yesu Umwami wacu, ubwo nibwo twiteze.
- Ni ubwami budashira
- Ni bwo buzoza mu mpera z’isi
- Bujanye no kugaruka kwa Yesu Kristo
Ico bisobanura kuri twebwe
Uyu munsi turi mu gihe c’ibirenge (icuma n’ibumba). Ivyo bisobanura ko:
- Turi hafi y’impera z’isi
- Ubuhanuzi buriko burasohora
- Yesu ari hafi kugaruka
Ubutumwa bukomeye
- Imana irazi kazoza
- Amateka y’isi yari yaravuzwe
- Ubwami bw’Imana ni bwo buzotsinda ingoma zo kw'isi zose. Abera, abakira ubutumwa bwiza, abizeye Yesu tuzokwimana nawe mu bwami bwiwe.
Ico ukwiye gukora
Nimba turi mu bihe vya nyuma:
- Garukira Imana
- Soma Bibiliya kandi ushire mu ngiro ivyo ikubwira
- Saba Imana Inkomezi
- Tegura ubuzima bwawe n'ubw'umuryango wawe.
Conclusion
Daniel 2 ni ubuhanuzi bukomeye cane bwerekana amateka y’isi n’ico kazoza gategura. Ubwami bw’Imana ni bwo bwonyene buzoramba ibihe vyose.



0 Comments