Ticker

6/recent/ticker-posts

UBUSOBANURO BW'IGITABO C'IBYAHISHURIWE YOHANA IGICE CA 3

ICETE YESU YANDIKIYE ABIZERA BO MW’ISHENGERO RY’I SARUDI

Sarudi cari Igisagara kigira gatanu muri vyabisagara vyo muri Aziya ntoya, Ico gisagara gishobora kuba cabayeho biciye muntambara nyinshi. Ijambo Sarudi risigura Abasigaye, Ibisagu, ivyasigaye.

Ryari izina ryigikomangoma cayoboye abasigaye barokotse izo ntambara, maze abasigaye b’I Sarudi bahora baririmbana n’igikomangoma cabo indirimbo zamashimwe. Iyo niyo mpamvu Sarudi bishobora gusobanurwa Igikomangoma, canke Indirimbo y’amashimwe

Ivyaranze ico gisagara, bitegerezwa kuba ariko catumye Yesu akigereranya n’igihe ca gatanu ishengero ryiwe ryari rigiye gucamwo. Reka dusome ubutumwa butagabanije Yesu yahaye Abizera babayeho mugihe cagereranijwe na Sarudi, biraza kutworohera guca tumenya igihe babayemwo icarico.

Kurikirana ino video kugira ngo utahure muburyo bwimbitse

ICETE YESU YANDIKIYE ISHENGERO RY’I FILADELUFIYA

Ijambo “Filadelufiya” risobanurwa “Urukundo rwa bene Data,” kandi ryerekana abakiriye ubutumwa bwo kugaruka kwa Kristo kwari gutegerejwe mumpera zo 1844.

Igihe ca Filadelufiya, hari hageze kugira ngo igitabo cabitswe kandi kigafatanishwa ikimenyetso mu gihe ca Daniyeli kibumburwe. Kuko isezerano ryari ko ivyaco bizosobanuka mu misi y’imperuka. Ariko nkuko twabisomye, ntabwo abantu bose bagomba kumenya amabanga ahishijwe muri ico gitabo. Yagomba guhishurirwa abanyabwenge bonyene, nibo babandi Kristo yemeje ko bazogendana nawe kuko bibabereye.

Mu gihe dusoma buricete candikiwe Umumalayika wa buri shengero, tugomba guhagarara gato , maze buri musomyi akabanza akibaza niba koko imbere ya Yesu agaragara nk’Umumalayika w’ishengero. Niba usanze mu kuri utari Umumalayika, Banza uje kwoga mumaraso ya Yesu, hama uheze ucubandanya ukurikirana ibi vyirwa, Kuba uruwejejwe na Yesu, bituma ushishikara gutahura ibi vyirwa, nturindire Iyegurire Yesu bicitwa unomusi.

Abanesheje bo muri Filadelufiya bari bagiye kwitwa izina ry’Abategereje ukugaruka kwa Yesu baruhuka isabato. Iri nizina bari bagiye kwandikwako na Yesu.

Ishengero rya GATANDATU ryavuzwe ngaha mwiki gice ni FILADELUGIYA. kurikirana ino video kugira ngo utahure muburyo bwimbitse

Gushika na nubu nawe urashobora guhabwa iryo zina, hamwe wokwiyegurira Yesu!

ICETE CANDIKIWE ABANA B’IMANA BO MUGIHE CAGERERANIJWE NA LAWODIKIYA

Lawodikiya n’ijambo rikomoka mururimi rw’ikigiriki, rigizwe n’amajambo abiri ariyo: Laos bisobanura abantu, Diakeo bisobanura guca urubanza. Lawodikiya = Gucira abantu urubanza.

Lawodikiya n’igisagara kigira indwi kandi nico canyuma muri vyabisagara birindwi vyo muri aziya ntoya. Ico gisagara cubatswe na Antiyokusi II umwe yahukana n’umugore wiwe yatwa Laodike akabirana na Bernice. Ico gisagara citiriwe umugore wiwe wisezerano.

Cari igisagara giteye imbere hamwe n’ubutunzi bwinshi, hari hariyo amasoko Manini hamwe n’ama banke, nico catumye Yesu ikigereranya n’ishengero ryanyuma, nkuko tuza kubibona kandi riri koko, rivuga ko ritunze.

Kurikirana ido nido murino video iri aha hasi

Uyu mwanya Umukiza wacu arimo, hamwe n’umurimo akora wahanuwe n’Umuhanuzi Zekariya ubwo yavuze ati, Umubwire uti Uwiteka Nyiringabo aravuga ati: “umubarire, ut’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Eh’ umuntu yitwa Shami, azoshamika ahantu hiwe, kand’ azokwubaka urusengero rw’Uhoraho. Koko ni we azokwubaka urusengero rw’Uhoraho, azogira icubahiro, kand’ azovyagira ku ntebe, aganze ; kur’ iyo ntebe azohabera n’umuherezi ; kandi bompi bazohuza inama zizana amahoro.” Zekariya 6 :12-13

Ugurura kandi arinjira, ikintu gihambaye ngaha, nuko wuguruye aca yinjira, kandi niyinjira muca musangira, kandi ivyo muza gusangira si ivyawe, ni bwabweranda yariko avuga ngo ugure kuriwe.

Kanda ngaha kugira Telechargement y'iki cirwa muburyo bwa Powerpoint

Ufise ikibazo, canke ukaba wumva ufise ico woterera kuriki cirwa, ushobora kuvyandika muri commentaire canke ukaturondera kuri contact ziraha musi.

Whatsapp: Kanda ngaha , Facebook: Mugihugu c'Ivyiza TV, Email: Kanda ngaha

Enregistrer un commentaire

0 Commentaires