Header Ads Widget

IGISHUSHANYO C'IGIKOKO (ECUMINISME) KIRIKO KIRAREMWA

DIMANCHE IGIYE GUTANGAZWA KU MUGARAGARO

Mu bihe vya mbere, amadini y’Abakristo yari atandukanye cane mu nyigisho, mu bikorwa no mu migendere. Ariko muri kino gihe, isi iriko irafata urugendo rudasanzwe rwo kwegeranya amadini rwiswe ECUMINISME (Ecumenism).

Ecumenisme isigurwa nk’<i>ubumwe, ikiganiro n’imikoranire hagati y’amadini atandukanye y’Abakristo</i>, hagamijwe amahoro, urukundo n’ugusangira ubutumwa. Ariko Bibiliya iraduhamagarira kwitondera kwemera ivyo bintu, kuko atari ubumwe bwose buva ku Mana.

Ecumenisme isigurwa nk’ubumwe, ikiganiro n’imikoranire hagati y’amadini atandukanye y’Abakristo, hagamijwe amahoro, urukundo n’ugusangira ubutumwa. Ariko Bibiliya iraduhamagarira kwitondera kwemera ivyo bintu, kuko atari ubumwe bwose buva ku Mana.

“Bazovuga bati: amahoro, amahoro, kandi ata mahoro azoba ariho.” (1 Abatesalonike 5:3)


1. IGISHUSHANYO C'IGIKOKO MURI BIBILIYA

Mu gitabu c’Ivyahishuwe, Yohana yerekwa igikoko gifise ububasha, icubahiro n’ukwemerwa n’abantu benshi.

“Isi yose iratangara ikurikira ico igikoko.” (Ivyahishuwe 13:3)

Iki gishushanyo cerekana ubumwe bw’isi yose butubahiriza ukuri kw’Imana, ariko bushigikira imigenzo y’abantu n’ububasha bwa politike n’idini bihurijwe hamwe.

Abigishwa ba Bibiliya benshi babona ko ecumenisme yo mu bihe vya nyuma ari kimwe mu bice bigize ico gishushanyo kivurwa mu vyahishuwe, kuko ihamagarira ubumwe budashingiye ku kuri kwa Bibiliya, ahubwo ku mahoro n’ukwiyumvanamwo gusa.


2. ECUMINISME MU BIHE VYA VUBA

Mu mpera z’umwaka wa 2025 no mu ntango za 2026, ecumenisme yafashe intambwe ikomeye cane ku rwego rw’isi. Amakuru atandukanye yerekana ko ubumwe bw’amadini butakiri ivyiyumviro, ahubwo ari igikorwa kiriko kirashirwa mu ngiro.


2.1. Ijambo rya Papa Leo XIV ku bumwe bw’Abakristo

Ku musi wo gusozera Week of Prayer for Christian Unity, Papa Leo XIV yavuze ijambo rikomeye aho yavuze ati:

“Turi umwe, reka tubigire bimenyekane.”

Iri jambo ryashizwe ahabona nk’irihamagarira amadini yose y’Abakristo gukorera hamwe, kwirengagiza itandukaniro ry’inyigisho, bagashira imbere ubumwe n’ibikorwa rusangi.

Inkuru yuzuye iri hano:
Vatican News – Pope Leo XIV and Christian Unity


2.2. Ecumenisme si ugushirana hasi, ni ukumvikana

Nk’uko bitangazwa n’Inama Nkuru y’Abepiskopi ba Amerika (USCCB), Papa yavuze ko ecumenisme atari ugushirana hasi kw'ama dini y’abandi, ahubwo ari ugusangira impano n’ukwizerana mu murimo.

Ariko Bibiliya iraburira iti:

“Nimba umuntu wese abigishije inyigisho itandukanye n’iyo mwakiriye, abe ikivume.” (Abagalatiya 1:8)

Soma inkuru:
USCCB – Ecumenism: Sharing Gifts


2.3. Amasengesho rusangi y’amadini

Mu gihugu c’Ubuhindi, amadini atandukanye y’Abakristo yarahuriye mu masengesho rusangi bise Christian Unity Prayer Service. Ibi bikorwa biriko birabera henshi kw’isi, bigaragaza ko ecumenisme iriko irashirwa mu bikorwa.

Inkuru irambuye:
Catholic Connect – Christian Unity Prayer Service


2.4. Ecumenisme nk’igikoresho c’amahoro

Cardinal Kurt Koch yavuze ko ecumenisme ari igikoresho gikomeye co guhuza isi, ikaba ifasha mu migambi y’amahoro, politike n’imigenderanire y’amahanga.

Soma inkuru:
Vatican News – Cardinal Koch on Ecumenism


3. DIMANCHE MU BIHE VYA ECUMINISME

Mu mateka y’ishengero, <b>Dimanche</b> (umusi wa mbere w’indwi) wagiye urashirwa imbere nk’ikimenyetso c’ubumwe bw’Abakristo. Uyu musi uriko uravugwa cane mu biganiro vya ecumenisme, nk’ikimenyetso c’ukwumvikana hagati y’amadini.

Mu mateka y’ishengero, Dimanche (umusi wa mbere w’indwi) wagiye urashirwa imbere nk’ikimenyetso c’ubumwe bw’Abakristo. Uyu musi uriko uravugwa cane mu biganiro vya ecumenisme, nk’ikimenyetso c’ukwumvikana hagati y’amadini.

Bibiliya ivuga iti:

“Abera bitondera amategeko y’Imana n’ukwizera kwa Yesu.” (Ivyahishuwe 14:12)

Abigishwa benshi babona ko gushira imbere Dimanche ku rwego rw’isi yose bishobora kuba intambwe ija ku gutegeka ukwizera kw’abantu kukaba ukunyuranye n’itegeko ry’Imana.


4. ICIGWA C’UKWITONDERA KU MUKRISTO

Ecumenisme irafise ishusho nziza: amahoro, urukundo, ubumwe. Ariko umukristo ahamagarirwa kugumya ijambo ry’Imana nk’urufatiro rumwe gusa.

“Nezwa n’ukuri kwawe; ijambo ryawe ni ryo kuri.” (Yohana 17:17)

Ni co gituma uyu musi, umuntu wese akwiye kwibaza: Ubumwe ndiko ndemera bushingiye ku kuri canke ku marangamutima?


Mugihugu c’Ivyiza TV

Post a Comment

0 Comments