Satani yasunikiye abiyamiriza ubutumwa bwa Yohana kubandanya baja kure no
kwiyamiriza no kubamba Kristo. Mu gukora ivyo bari bahejeje kwishira ahantu batoshobora
kuronka umuhezagiro ku musi wa Pentekote, umusi bari kuronkeramwo inkomezi kugira bigishwe inzira y’ihema ryo mw’ijuru.
Ugutabuka kw’igihuzu co mu rusengero vyerekanye ko ibimazi n’imigenzo y’Abayuda
itazokwongera kwakirwa ukundi. Ikimazi gikuru cari catanzwe kandi cari cemewe, kandi
Mpwemu Yera yamanutse ku mu si wa Pentekote yaduganye ivyiyumviro vy’intumwa ibikura
kw’ihema ryo mw’isi ibishikana mw’ihema ryo mw’ijuru, aho Yesu yari yinjiye binyuze mu
maraso yiwe bwite, kugira ngo asuke ku bigishwa biwe ivyiza vy’ikimazi ciwe.
“Ariko Abayuda barekewe mu mwiza m’umuzimagiza. Batakaje umuco wose bari gushobora
kuronka ku vyerekeye umugambi w’agakiza, maze babandanya kwishimira ibimazi vyabo
n’amashikanwa yabo atagira ikimazi. Ihema ryo mw’ijuru ryari ryafashe ikibanza c’ihema ryo
mw’isi, ariko bobo ntibigeze bamenya ko hari icahindutse. Kubw’ivyo ntibari kuronka
ubuhuza bwa Kristo akorera ahera.”
kurikira Yesu |
“Benshi barabana ubwoba inyifato y’Abayuda mu kwiyamiriza Kristo no kumubamba ; kandi basomye inkuru z’ibitutsi biteye isoni bamututse, biyumvira ko bamukunda kandi ko batokwubahuka kumwihakana nk’uko Petero yamwihakanye, canke ngo bamubambe nk’uko Abayuda babikoze. Ariko Imana isoma mu mitima yashize ku munzani urwo rukundo biyumvira ko bafise. Ijuru ryose ryarabanye umwitwarariko ukomeye ingene isi yakiriye ubutumwa bwa malayika wa mbere. Ariko benshi mu bavuga ko bakunda Yesu, kandi33 bakarira iyo basomye inkuru z’umusaraba, baritwengera ubabwiye inkuru nziza yo kugaruka kwiwe. Aho kugira ngo bakire ubutumwa banezerewe bavuze ko kwari ukwihenda. Baranse abakunze ukuza kwiwe ndetse barabaca mu mashengero. Abari biyamirije ubutumwa bwa mbere ntibashobora kuronka ubwa kabiri ; nta n’ubwo bashobora kuronka akamo ko mu gicugu, kategerezwa gutegurira abantu kwinjirana na Yesu kubwo kwizera ahera cane ho mw’ihema ryo mw’ijuru. Kandi mu kwanka ubutumwa bubiri bwa kera, bashize umwijima ukomeye mu gutahura kwabo ku buryo batashobora kubona umuco na muke mu butumwa bwa malayika wa gatatu bwerekana inzira ishikana ahera cane.”
“Nabonye ko nk’uko Abayuda babamvye Yesu, amashengero yo kw’izina gusa yabamvye ubwo butumwa kubw’ivyo nta na kimwe bazi kuvy’inzira ishikana ahera cane. Kandi ntibashobora gukura akunguko mu buhuza bwa Yesu buhabera. Nk’uko Abayuda, batanze ibimazi vyabo bitagira akamaro, basenga amasengesho yabo ataco amaze bayatumbereza mu kibanza Yesu yavuyemwo ; maze Satani, ashimishijwe n’uko yabahenze, agaca yiyambika umwambaro w’idini maze agakwegera ivyiyumviro vyabo biyita Abakristo kuri we, akorana ubushobozi bwiwe, ibimenyetso vyiwe n’ibitangaza vy’ibinyoma kugira ngo ababohere mu mutego wiwe. Akoresha uburyo bumwe mu guhenda bamwe agakoresha ubundi mu guhenda abandi. Afise ibitesha umutwe bitandukanye yateguye mu gushikira abantu b’ ivyiyumviro bitandukanye. Bamwe barabana ubwoba ubuhendanyi bumwe mu gihe ubundi babwakira bitagoranye. Satani ahendesha bamwe kuvugana n’imizimu. Araza kandi nk’umumalayika w’umuco maze agakwiragiza mu gihugu ubwaku bwiwe akoresheje amavugurura y’ikinyoma.
Amashengero ashirwa hejuru, kandi bakiyumvira ko Imana iriko irakorana nayo mu gihe ari igikorwa c’iyindi mpwemu. Igihe kigeze ubushuhe bugahera maze isi n’ishengero bisigara mu bukonje burengeye ubwo vyari bifise mbere yaho. “Nabonye ko Imana ifise abana bo kwizigirwa mu Badventiste bo kwizina gusa no mu mashengero yaguye, kandi imbere y’uko ivyago bisukwa kw’isi, abakozi b’ubutumwa hamwe n’abantu basanzwe bazohamagarwa ngo bave muri ayo mashengero yaguye bakire mu bushake bwabo ukuri. Satani arabizi ; kandi imbere y’uko akamo gahambaye k’umumalayika wa gatatu gashikirizwa, azotera ubushuhe muri ayo mashengero yaguye kugira ngo abahakanye ukuri biyumvire ko Imana iri kumwe nabo. Yizera ko azohenda abizigirwa bari muri ayo mashengero kugira ngo biyumvire ko Imana ibandanya ikorana nayo. Ariko umuco34 uzokayangana, kandi abo babizigirwa bose bazova muri ayo mashengero yaguye maze bifatanye n’amasigarira” (Early Writings, pp.258-261).
“Ugutangaza ubutumwa bw’umumalayika ; wa mbere, uwa kabiri n’uwa gatatu vyakingiwe n’ijambo ryahumetswe. Nta n’agakwabu canke akazatsa vyoshobora gukurwako. Nta bushobozi na bumwe bw’umuntu bufise uburenganzira bwo guhindura ikibanza c’ubwo butumwa nk’uko bidashoboka gushira Isezerano Rishasha mu kibanza c’irya Kera. Isezerano rya Kera n’ubutumwa bwiza mu biharuro n’ibigereranyo. Isezerano Rishasha ni umutumba, ico vyagereranya. Yose arahambaye ku rugero rumwe. Isezerano rya Kera rishikiriza ivyigwa bivuye mu kanwa ka Kristo, kandi ivyo vyigwa ntivyigeze bitakaza ubushobozi bwavyo.”
“Ubutumwa bwa mbere n’ubwa kabiri bwatanzwe mu 1843 na 1844, kandi uyu musi turi mu gihe co gutangaza ubutumwa bwa gatatu ; ariko ubwo butumwa bwose uko ari butatu butegerezwa kwongera gutangazwa. Ni nkenerwa gusumba uko vyigeze ko ubwo butumwa busubirirwamwo abariko bararondera ukuri. Binyuze mu kwandika no mu kuvuga, dutegerezwa gutangaza, twerekana urutonde n’ishirwa mu ngiro ry’ubuhanuzi budushikana ku butumwa bw’umumalayika wa gatatu. Ntihashobora kuba ubutumwa bwa gatatu hatabaye ubwa mbere n’ubwa kabiri.
Ubwo butumwa dutegerezwa gushikiriza isi mu bitabo, mu majambo ashikirizwa, twerekana mu murongo wa kahise k’ubuhanuzi ibintu vyabayeho hamwe n’ibizoshika… “Igikorwa cacu n’ico gutangaza ivyagezwe vy’Imana hamwe n’ibishingira intahe Yesu. “Itegurire guhura n’Imana yawe” (Amosi 4 : 12) n’imburi yo gushikiriza isi. Ni imburi no kuri twebwe ubwacu, umuntu ku giti ciwe. Twahamagariwe kwiyambura ibituremera hamwe n’icaha gikunda kutwizingirako kenshi. Mwene Data hariho igikorwa co gukora, kwiyunga na Kristo.
Ni murabe neza ko inzu yanyu yubatswe ku rutare. Ntimutakaze icubahiro kitazoshira ku bintu vy’akanya gato. Kumbure ibihe bigoye tugiye kwinjiramwo bizoshika mutakiriho. Nta n’umwe muri twebwe azi ighe azomara muri ubu buzima. Mbega ntimwategerezwa kwama muri maso akanya ku kanya ? Ntimwategerezwa kwisuzuma maze mukibaza muti : Mbega iherezo ryanje n’irihe ?” “Umutwaro uremereye wa buri muntu wategerezwa kuba uyu : Mbega umutima wanje warahinduwe mushasha ? Ubugingo bwanje bwarahinduwe ? Ivyaha vyanje vyarahariwe kubwo kwizera Kristo ? Mbega naravutse ubwa kabiri ? Mbega ndiko nditaba ubutumire bugira buti “Ni muze kuri jewe mwese abananiwe n’abaremerewe ndabaruhura.” “Mwikoreze ingata yanje munyigireko ; kuko ndi umugwaneza niyoroheje mu mutima ; maze muzoronka uburuhukiro bw’imitima yanyu. Kuko ingata yanje itababaza kandi n’umutwaro wanje uhwahutse” (Matayo 11 :28-30).
Mbega mwizera kuronka vyose kiretse igihombo kubw’icubahiro co kumenya Yesu Kristo ? Mbega mwiyumvamwo ko ari inshingano yanyu kwizera buri jambo riva mu kanwa k’Imana ? ” (Manuscript 32, 1896 ; Manuscript Releases, Vol. 17 pp.6-23)
Mugenzi Nurabe neza ko inzu yawe yubatswe ku rutare. Ntutakaze icubahiro kitazoshira ku bintu vy’akanya gato.
0 Commentaires