Ticker

6/recent/ticker-posts

Umuti uvura indwara ya Marariya: Umubirizi

Indangurakintu y'indwara ya Marariya

Marariya ni indwara itegwa n'imibu yingore( irya mibu isohora amajwi siyo itera marariya, iyitera marariya ntajwi ryayo wokumva), kandi iyo itivujwe hakirikare iciba indwara yica. Ubushakashatsi bwerekana ibitigiri bibini vya'abantu bapfa buri musi bishwe n'indwara ya Marariya.

Imibu yingabo nirya inwingira mumatwi ukayumva, imibu yingore yoyo ntiyumvwa kandi niyo itera Marariya, aho bica vyumvikana ko mukwikingira marariya utokoresha guhunga Imibu kuko iyitera iyo ndwara iza mukabanga kadasanzwe. Inzira imwe yo kwikingira muriki gihe ni kurara mumusegetera urimwo umuti wica Imibu.

Muduce tumwe tumwe bavugako Marariya ari ikiza, niyo mpamvu ama l'ETA n'amshirahamwe ahitamwo gutanga imisegetera irimwo umuti wica Imibu kugira barwanye iyo ngwara.

Ariko naho utwigoro twinshi twakozwe, Marariya muriki gihe hakugabanuka, irarwirirana, mbere abenshi bakanywa ibinini ntibibakize, bikabasaba kuba bokwama kubinini.Kumbure harakenewe undi muti urenze ibinini umuntu yokoresha mukwivura, ibi vyatumye ndondera umuti nokoresha mukwivura Marariya mugihe narimaze igihe kirekire nywa imiti itandukanye vyanka ko nkira.

Iyi nintahe yukuri, Munyuma nahavuye nubura umuti udasanzwe ariwo nagira ngo ndabahereze, ndanababwire uko ukoreshwa, kandi abatawukengera bakaza barawukoresha nukuri bazoba basezeye Marariya, muzibuke kuwumenyesha abandi.

Umuti kubuntu uvura Marariya nguyu


Kurikirana zino ntambuko ngiye kubabwira, ntihagire nimwe usimba kuko zose ni ngirakamaro:

  1. Fata amababi ane canke atatu bivana nuko angana: Iyo arumubirizi wakuze neza, uba ufise amababi manini manini, uca ukoresha amababi atatu, iyo naho aramababi agereranye uca ukoresha ane.
  2. Yaronge mumazi neza kandi nawewe karaba : Iki nikibazo c'isuku, wibuke ko ugira ukore umuti kandi uza kuja mumuntu.
  3. Reba kikintu uriko urakoresha gisukuye: Imbere yuko ukoresha ikintu utegereza kuabnza kukigirira isuku, Ibikoresho uzokenera nibi bikurikira:
    • Akabase canke akadobo gato ko gukoreramwo
    • Igikombe kingana n'irobo y'iritiro (1/4 l)
    • Akayungira ko kumininisha
  4. Shiramwo amazi angana n'akarobo: Koresha amazi meza asukuye
  5. Vuguta gushitsa yamababi yose avungaguritse: Urabikora gushitsa yamazi yose ahindutse agasigarasa n'umubirizi
  6. Mininina usigarane yamazi bikeye: Usigarana amazi gusa, ibindi vyose ukabita
  7. Fata ayomazi uronse yuzuye akarobo abariyo wihereza

MN: Mugihe wumva urwaye, nywa akarobo mugitondo hamwe no kumugoroba, imisi ibiri irakwiye. Mugihe naho utarwaye ushaka kwikingira, nywa ako gakombe kuwo muti rimwe mundwi

Andika ikibazo muri commentaire, canke utwandikire kuri Whatsapp: +25762433166

Enregistrer un commentaire

0 Commentaires