Ibitera indwara y'IGITIGU
Igitigu ni igihimba gikunze gufatwa n'imigera igitera indwara itanu, ku ibimenyetso bikaze ikica uwo wese atayivuje Umuti w'IGITIGU nguyu. Iyo migera niyo bita Igitigu HEPATITE A, B, C, D, E, T
Hepatites |
Ibimenyetso vy'igitigu kirwaye n'ibi:
- Kuremerwa mu rubavu rw'iburyo.
- Kwumva umusonga musi y'ibere ry'iburyo.
- Kwumva imisonga myinshi mu gakoratima isongeka.
- Kubura akayabagu ko gufungura.
- Gusesemwa: Isesemwe
- Gukorora agahehera: bidahera
- Gutapika amaraso.
- Kumeneka umutwe kensha ata bushuhe.
- Kudasinzira neza mw'ijoro.
- Kugira ibizunguzungu kenshi.
- Kwuzura inda.
- Kutituma neza ku mwanda mu kuru.
- Ivyuya vy'indugumba mw'ijoro ry'imbeho.
- Amaso ahishiye.
- Amaso yirabura
N'ibindi tutavuze hano.
Umuti kama uvura indwara zifata igitigu:
Imiti tuguha iri uburyo bubiri gushirako ivyo ukwiye kwirinda imbere yuko ukira :
Imiti wewe ubwawe wokwikorera :
- Amababi:
- y'Umudwedwe,
- Ayi Voka,
- Ayi Pera,
- Ay'lndimu,
- Ay'Umucungwa,
- Ay'Umutigaferu,
- Icayicayi,
- Romal,
- Igihunda c'igitoke bita(ikiganda),
Umuti twebwe tuguha
Ivyo bimera duhejeje kuvuga aho hejuru biravura ino ngwara ariko biragusaba inguvu n'umwanya, ariko twebwe turagufifitiye umuti tuguhingurira woroshe gufata kandi ugifise qualité ya karemano. Ushaka uwo muti canke ushaka ubundi bufasha urabona contact zacu hepfu yiki cirwa
Ivyo kwirindwa n'uwurwaye igitigu:
Buretse :
- Amamesa y'ibigazi,
- Isombe,
- Ibikorwa biruhisha,
- lnzoga z'amakari,
- Amafanta,
- Ama jus mva ruganda (Amahinguriro),
- Urwarwa,
- Inyama z'ibikoko,
- Amafi mabisi,
- lkawa,
- Icayi Otb,
- Umunyu,
n'ibindi vyica igitigu.
Ubuswage, Imikembe, Ubugari bw'imyumbati, Isukari mva ruganda, Ibikorwa biruhisha, Itabi, Amabenye, Indagara mbisi,..., Vyose n'ibintu vyo kwirinda mugihe urwaye igitigu utarakira. Kandi nivyo guhagarikwa mu kiringo cose co kwivura igitigu.
Muriki gihe turasabwa kwivuza ubuvuzikama.Bibiliya idusaba kuzigama imibiri yacu no kuyitaho nk'abazoyibazwa nyene. (1kor,10:31-)
Mwarikumwe na mwene So Nduwimana Alexandre.
0 Commentaires