Ariko hari nizindi, mbere hari n'indirimbo.
Noël (Christmas) |
Ubusobanuro bw'iryo jambo ni « Noël=Noé+El, Ivuka ry'Imana»
CHRISTMAS mucongereza: « Umusi mukuru wa Kristo ».
Ikibazo abenshi bibaza niki : Ese koko Yesu yavutse kuwa 25/12?
UMUSI MUKURU WA NOWELI WAKOMOTSE HEHE? NI MURI BIBILIYA? CANKE NI MU BAPAGANI?
MBEGA NI NGOMBWA KUBIMENYA ?
«kandi mwiyubare kugira ngo ni mwararama mukaraba mw ijuru, mukabona izuba n'ukwezi n'inyenyeri, ari zo ngabo zose zo kw ijuru, bize vyoye kubakwega ngo mubisenge, mubisabe, kand' ari vyo Uhoraho Imana yanyu yashiriyeho amahanga yose yo musi y'ijuru.»
(Gusubira mu vyagezwe 4:19)
Ivyo abantu biyumvira kur'uwo musi mukuru vyo ni vyinshi, ariko mureke tubaze Bibiliya n’akahise (histoire), ivyacu tuvyirengagize, niho dushobora kumenya ukuri.
Kera, Abapagani, Bari basanzwe bakora kw'itarike ya 25/12, umusi mukuru w’imana zuba (le dieu soleil). «......,bateye ibitugu urusengero rw'Uhoraho, berekeje amaso i burasirazuba, kandi bariko barasenga izuba, batumbereye iyo rirasira.»
(Ezekiyeli 8:16).
Ijambo ry'Imana riradukebura twebwe abo mwiki gihe «Kukw igihe kizoza, batazokwemera kwumva ukwigisha kuzima; ariko kukw amatwi abarya yifuza kwumva ibibanezereza, bazokwirundaniriza abigisha bahuje n'ukwifuza kwabo, kandi bazokwiziba amatwi, ngo ntibumve ukuri, bazozimira bakurikire imigani y'ibinyoma. » (2 Timoteyo 4:3-4)
Muri Luka 2:8 turabwirwa ngo « Mur' iyo ntara har' abungere barara mu gahinga baraririye umukuku w'intungwa zabo. Umumarayika w'Umwami Imana ahagarara i ruhande yabo, ubgiza bg'Umwami bubakayanganira irya n'ino, baterwa n'ubgoba bginshi.
................ Ba bamarayika bahejeje kuva aho bari, basubiye mw ijuru, nya bungere baravugana, bati Ngo rero tuje i Betelehemu, turabe ico kintu cabayeyo, ico Umwami Imana atumenyesheje. Bagenda banyaruka, babona Mariya na Yosefu n'uruyoya rubikiriwe mu bgato bg'inka.»
(Luka 2:8-9, 15-16)
Muri Luka 1 naho haratubwira ngo « Kandi mu kwezi kwa gatandatu, umumarayika Gaburiyeli atumwa n'Imana mu gisagara c'i Galilaya citwa Nazareti, ku nkumi ikowe n'umugabo yitwa Yosefu, wo mu nzu ya Dawidi, izina ry'iyo nkumi ni Mariya. Umumarayika aramubgira, ati Nta co utinya, Mariya, kuk' ugiriwe ubuntu n'Imana. Umve, uzosama inda, uvyare umuhungu, kand' uz' umwite YESU.»
(Luka 1:26-27, 30-31)
Umumalayika yasanze Mariya ngo uzosama inda, ntiyamubwiye ngo « urasamye inda », Tuzi neza ko Yesu yavukiye igihe kingana n’ic’abandi bana (amezi 9).
Umumarayika Gaburiyeli yaje kuri Mariya mu kwezi kwa 6, Hinge turabe ukuntu ikirangamisi ca Kiyuda canke se ca Giheburayo cari kimeze.
Kugira Yesu avuke mukwacumi nakabiri nuko inda boyisama mukwakabiri kwa gihuburayo, nikuvuga Hoba hari kuba haciye amezi 7 Marayika abibwiye Mariya, ariko Marayika we yakoresheje kazoza ka hafi.
Dusomye mu Bisirayeli nta bungere canke ubusho vyaba bikiri mu gahinga no mu mashamba mu kwezi kwa 10 n’ukwa 12, ukwa 1 n’ukwa 2, kuko caba ari igihe gikanye bikabije. Ukwo gukanya kurangiye ni ho Abisirayeli batangura ukwezi kwabo kwa mbere bitaga ABIBU, Bagashobora guca baja mumisimikuru ya Pasika. Nta kuntu rero Yesu yavutse mu kwa 10 kwa Giheburayo guhura n'Impera zukwezi kwa 12 kwubu, kuko guhera mu kw' 9 caba ari igihe c’imvura n’ubukonje bwinshi cane.
«Nuko mur' iyo misi itatu Abayuda n'Ababenyamini bose bari bamaze gukoranira i Yerusalemu; hari ku musi ugira mirongwibiri w'ukwezi kw'icenda; abantu bose bagandagaza ku kibuga imbere y'ingoro y'Imana, bahindishwa agashitsi n'ivyo, kandi n'uko hari n'imvura nyinshi.
Arikw abantu ni benshi, kandi n'igihe c'imvura nyinshi, ntitwoshobora guhagarara hanze. ......»
(Ezira 10:9, 13)
None bigeze mu kwa 10, car'igihe c’ubukanye, bubi kuruta mukw'9 ubukonje bwaza kugabanuka buriko burahera mukwacumi na kabiri,
Rero ntabungere canke ibitungwa vyaba bikiri mumashamba kuko vyari kwicwa n’ugukanya n’imvura vyo mugahinga ka yaganande.
Turavye rero muri Luka 2:8, ntabwo hari murayo magenekerezo ya 25/12.
Muvy'ukuri Umusi wo kuvuka kwa Yesu ntabwo uzwi, ntiwavuzwe muri Bibiliya. Iyaba Imana yarashatse ko abantu bahimbaza umusi mukuru w’ivuka rya Yesu, ntiba yarawuduhishije, Iba yarawutubwiye. Mbere Na Yesu ubwiwe aba yarakoze iyo sabukuru yo kuvuka kwiwe, mbere natwe aba yarabidutegetse nkuko yabikoze kuyindi misi mikuru dusanga muri Bibiliya.
None nta somo na rimwe rya Bibiliya ribitubwira, Abakristo ba mbere hamwe n’intumwa za Yesu, ntibigeze na rimwe bubahiriza uwo musi mukuru wa Noweli.
None Noël yaje gute ?
Ikinyamakuru wikipedia kivugako Noël yatanguye gukorwa kuwa 25/12 mukinjana ca 4 Yesu yaraje.
Mukinjana ca 13 niho muruwo musi mukuru hashirwamwo ivyamakurere, Imiziki,... Kugira bakundishe uyo musi mukuru abantu.
Mukinjana ca 16 Hazanywe ivyishurwe(Sapin de Noël).
Mukinjana ca 20 niho bashizemwo ivya Père Noël kugira binezeze abana, bishire hamwe imiryango, habeho no guhana ama Cadeaux.
Ico kinyamakuru nyene kirangiza kivuga ko murikino gihe, uyo musi mukuru ntibigikenewe ko ukorwa muburyo bw'ivyiyobokamana gusa, abantu benshi bawufata nk'umusi wo kwinezereza muburyo butandukanye.
Mu gitabo Encyclopédie catholique, ku ngingo ivuga ngo « Christmas » (Noweli), dusangamwo aya majambo : « Noweli si umwe mu misi mikuru yashizweho n’Ishengero rya mbere, ahubwo ni umusi mukuru ukomoka mu bapagani ».
No mu gitabo « Encyclopédie britanique » baravuga ngo « Nta na rimwe Noweli yigeze iba umwe mu misi mikuru yashizweho n’ishengero rya mbere kandi ntiyashizweho na Kristo, ahubwo yakomotse mu bapagani ». Muri Encyclopédie ya Amerika, ho haravuga ngo « Noweli ntiyigeze ihimbazwa n’abakristo ba mbere, kuko ubundi bari bafise umugenzo wo kwibuka umusi wo gupfa kuruta uko bibuka uwo kuvuka ».
Nkuko biri gukora umusi mukuru wa Noweli (Vyategetswe na Papa YULI wa 35: Itegeko N°15, Uruhererekane rw’Abapapa, p. 11). Wari usanzwe ku wa 6/1.
Ivyo vyakozwe mugihe c'ishengero rya Perugamo, inyuma yagahamo gateye ubwoba kari gahejeje gukorerwa aba Christo. (Ivyakozwe 26:10-11; Matayo 26:57-68; 27:11-26; Yohana 18:12-14)
Mu gihe co kwima k’Umwami w’Abami (Empéreur) CONSTANTIN, yifatanya n’abakristo gito. Abantu bose binjira mw'ishengero hakoreshejwe inkomezi zisi, binjirana n’imigenzo yabo ya gipagani.
Ni naho kandi ivyo kuruhuka umusi wa mbere w’indwi (dimanche) vyinjijwe mw'ishengero, kuko abapagani bari basanzwe bawuruhukako basenga imana yabo (imana zuba), ari na yo mpamvu na n’ubu witwa umusi w’izuba « sunday » mu Congereza.
Bitewe n’uko abakristo n’abapagani bari bivanze, Yesu baciye bamugereranya nk’izuba, kuko n’ubundi ari we « Zuba ryo gukiranuka » (Malaki 3:20/4:2), maze umusi mukuru w’izuba bawuhindura umusi mukuru wo kuvuka k’Umwana w’Imana.
Birakenewe ko twishura iki kibazo.
Abapagani bo bawukuye he ?
Inkomoko yawo ni muri Babuloni ya mbere ya NIMURODI (Nimrod), wabayeho kera mu gihe cakurikiye umwuzure wo kuri Nowa.
«Kandi Kushi yavyaye na Nimurodi: ni we wa mbere yabaye cihabugabo mw isi. Yar' umuhigi w'agahebuza imbere y'Uhoraho, bituma acibgakw akagani, ngo Ni nka Nimurodi, yar' umuhigi w'agahebuza imbere y'Uhoraho. Ubgami bgiwe bga mbere bgagarukira i Babeli no muri Ereki no muri Akadi n'i Kalune, mu gihugu c'i Shinari.»
(Itanguriro 10:8-10)
Yarongoye nyina amugira umugore wiwe, yarishe aba yuda bataribake nkakarorero Esau umuhungu wa isaka mwenewabo na Yakobo.
Yagiye gupfa yiyitwa imana y'izuba (dieu du soleil)
Uwo ni we yatanguje Babuloni, ari nawe yubakishije umunara w’i Babeli (Tour de Babel), ni yo yagiye irimbura amahanga ikanabohera abatuye isi mu bishuko no mu buyobe.
Ijambo Nimurodi mu Giheburayo rikomoka kw'ijambo Marad, risobanura ngo “uwigometse”. Ni koko, Nimurodi yarwanyije Imana cane (Itang.1:28). Imana iti “Mugwire mwuzure isi”; Nimurodi ati « Baravuga, bati Ngo twiyubakire igisagara, n'umunara uz' ushikire ijuru, kugira ngo twironkere izina rya rurangiranwa, twoye gusabagira mw isi yose.»
(Itanguriro 11:4)
Nimurodi yari mubi bikabije, dore ibindi yakoze:
yacuye nyina Semiramis aba nyina n’umugore wiwe.
Nyuma yaje gupfa giturumbuka, wa mugore wiwe akaba na nyina atangura kwamamaza inkuru z’ibinyoma avuga ko Nimurodi ariho mu buryo bw'Impwemu (en tant que être spiritual).
Yerekana ishami ryanaze ku gishitsi cumye avuga ko vyabaye mw'ijoro, kandi ko ari igihamya n’ikimenyetso yuko Nimurodi ariho. Buri musi mukuru wo kwibuka Nimurodi ngo nyina wiwe (umugore wiwe) yaza kureba ico giti, maze bakahashira amaturo, uko ni ko uwo mugore yabesha.
Bityo umusi mukuru wo kwibuka Nimurodi bawushira kwitarike ihura na 25/12 buri mwaka. Aho ni na ho Noweli yakomotse, ivya Nimurodi bihindura isura.
Gusenga umwana na nyina vyakomeje kuba akarande mw'isi. Mu bihugu bitari bimwe n’indimi zitandukanye, ico kigirwamana c’umwana na nyina vyagiye vyitwa ISIS na OSIRIS. Muri Aziya bacita CYBELE na DEOIUS. I Roma ya gipagani ni FORTUNE na JUPITERPUER.
Umwana na Nyina |
Nimurodi bamushushanya na “Yesu”, naho nyina wa Nimurodi bamuhindura “Mariya”.
Ikindi kandi Bibiliya ntitubwira ko dukwiriye gusenga Mariya. Intumwa n’abakristo ba mbere ntibigeze babikora, kandi Bibiliya itubwira ko twubatswe ku rufatiro rw’intumwa n’abahanuzi (Abenyefeso 2:20).
Bibiliya itubwira ko mu babayeho kw'isi bose, uretse Yesu, nta n’umwe muri bo uruta Yohana Umubatiza. (Matayo 11:11-14)
Malayika yabwiye Mariya amuramutsa ati « Yinjira ah' ari, aramubgira, ati N'amahoro, ugiriwe ubuntu, Umwami Imana ari kumwe nawe»(Luka 1:28).
Ariko mu bitabo vy’Abagatalika iri somo barisobanuye batya ngo « Urahiriwe kuruta abandi bagore ». koko yarahiriwe, ariko ntibisobanura yuko akwiriye gusengwa ngo ahindurwe nk’Imana kandi ari umuntu.
We ubwiwe ntiyabidusavye, ahubwo araturangira umuhungu wiwe ngo ico adutegeka tugikore (Yohana 2:5).
Guhimbaza Noweli biracari ukuninahaza imana zuba (NIMURODI).
Ivyo ni ubuhakanyi Satani yazanye mw'isi kugira ngo isi yose ayiyobeshe ubuhendanyi bwiwe.
Hasigaye ahawe ho guhitamwo, Kuja, no kuguma muriyo mirwi irwanya, Imana muburyo butagaragara, Ukazorandukana nayo, canke ugafata ingingo yo Gusenga Yesu wo mw'ijuru ukazoronka ubugingo budahera.
Urakoze!
Imana igutahuze ukuri kwayo kandi iguhe gusobanukirwa neza ubuhendanyi bwa Satani kugira ngo umuneshe ku bw’amaraso y’Umwana w'Imana Yesu Kristo.
Iki cirwa mwagiteguriwe na Mweneso
Jimmy NISHIMWE
Imbohe ya Christo
kubwo kwamamaza
ubutumwa bwiza.
Contact ziwe ni :
Tél :+25761208669
WhatsApp :+25761208669
E-mail : jimmnishimwe@gmail.com
Facebook : Mugihugu c'Ivyiza TV kuri Facebook
YouTube : Mugihugu c'ivyiza TV Kuri YouTube
0 Commentaires