Ticker

6/recent/ticker-posts

Urukundo, Ubuntu n'Ubutungane biravangitiranye

Reka turabe igisomwa co muvyanditswe vyera iki cirwa cisunga.

12

None rero, yemwe Bisirayeli, mbega har' ikindi Uhoraho Imana yanyu abagombako, atar' ukumwubaha, no kugendera mu nzira ziwe zose, no kumukunda, no kumukorera n'imitima yanyu yose n'ubugingo bganyu bgose,

13

no kwitondera ivyagezwe vyiwe n'amabgirizwa yiwe, ivyo mbageze uyu musi kugira ngo mumererwe neza?

14

.Ereg' Uhoraho Imana yanyu ni we Nyen' ijuru, mbere ni Nyen' ijuru risumba ayandi, bo n'isi n'ibirimwo vyose.

15

.riko rero, Uhoraho yarangirije umutima kuri ba sogokuruza, arabakunda, atoranya n'uruvyaro rwabo ruzoza hanyuma, ni rwo mwebge, abasumbisha ayandi mahanga yose, nk'uko biri na bugingo n'ubu.

16

.Nuko mukureh' ukudakebga kwo mu mitima yanyu, kandi ntimukomeze kugamika amazosi.

17

.Kuk' Uhoraho Imana yanyu ar' Imana isumba izindi, n'Umwami asumba abandi, n'Imana ihambaye, n'Inyabushobozi iteye ubgoba, idatinya abantu ku kigohe, itarya ingurire.

18

.Icira imanza impfuvyi n'abapfakazi, ikunda inyambukira, ikayigaburira, ikayambika. 19.Nuko rero mukunde inyambukira, kuko namwe mwar' inyambukira mu gihugu ca Egiputa.

20

.Mwubahe Uhoraho Imana yanyu, abe ari we musaba, mwifatanye na we akaramata, izina ryiwe ribe ari ryo murahira.

21.Ni we shimwe ryanyu, ni we Mana yanyu, yabakoreye vya bihambaye biteye ubgoba, ivyo amaso yanyu yiboneye.

22

Ba sogokuruza banyu bamanutse muri Egiputa ar' abantu mirongwirindwi: non' Uhoraho Imana yanyu yabahinduye nk'inyenyeri zo kw ijuru mu kuba benshi. 
Gusubira mu vyagezwe 10:12-22

Hafi y'isezerano ryose rivurwa mu gitabo co Gusubira mu Vyagezwe, ibice vya 6-11 bishimikira ku bijanye n'Imigenderanire, umutima n'Ubugingo. Umutima ni wo uri kw'isonga ngaha, kubera ko utuma umuntu ashobora gukorera Imana vy'ukuri, Ikibabaje n'uko Imitima yacu ikompantaye ( Gusubira mu Vyagezwe 10:16)

Imana ishaka ko tubanza kuyitinya, ngaha akaba ari Ijambo ryo mw'isezerano rya kera rigomba kuvuga ukwizera kuzana agakiza, si ukugira ubwoba canke guhinda agashitsi. Ibi ni vyo bishikana umuntu ku ntambwe ikurikira y'isezerano, iyo na yo akaba ari guca munzira z'Imana no kuyikunda ( Gusubira mu Vyagezwe 10 :12)

Yesu igihe bamubaza ibijanye na birya Vyagezwe biruta ibindi vyose, yishuye ngo : « 37.Aramwishura, ati Mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose n'ubugingo bganyu bgose n'ubgenge bganyu bgose. 39.Har' irindi rya kabiri rimeze nka ryo, n'iri: Mukunde bagenzi banyu nk'uko mwikunda.» (Matayo 22:37, 39)

Nkuko biri uru rukundo rwerekana kwomatana n'isezerano, hamwe n'ibikorwa vyerekana urwo rukundo, Imana ntiyagarukije kubisirayeli gusa, bategerezwa gukundana gushika no kubanyamahanga Akarorero ni ( Baramu, Rahabu...) Umuhamagaro Dutegerezwa kuba abahagarikizi b'urukundo rw'Imana ku muntu uwo ariwe wese asa nuwutarukeneye no kuruwo wese arukeneye, cane cane kubantu bageramiwe, bari mungorane nyinshi. Uyu murongo ntuvuga ko babanza kwerekana ko barukeneye, ariko uvugako dutegerezwa kubakunda nkuko Imana yadukunze, Nimureke niba twizera Yesu, urukundo rw'iwe yadusesakajeko rudushikeko. ( Gusubira mu Vyagezwe 10 :15)

Urukundo ni rwo ruza Imbere yo kumvira, Erega, ntidushobora kwumvira kubwacu twenyene ! «Kuk' uhereye kera hose ata ho abantu bigeze kwumva, canke ngo bibagwe mu matwi, canke ngo baboneshe amaso iyindi mana igira ico imarira abayiteze atari wewe.» (Yesaya 64:4) turakeneye kwozwa n'Ubugororotsi bwa Yesu.

Nimurabe Imana, ntigira nkunzi, kandi ntirya igiturire, Yahwe wewe akunda umuntu wese ku rugero rumwe n'urw'abandi bose kandi yipfuza ko umuntu wese yozosangira na we umunezero w'ibihe bidashira ari kumwe na we, cane cane barya bantu isi igomba gusa n'aho ishira hasi, nk'abakene, abatagira Umuryango canke umurage n'abandi ( Gusubira mu Vyagezwe 10:8 na15:7-11).

Ariko ni tutabikora Imana izokoresha ubutungane bwayo ibarenganure

(Matayo 25:31-46).

Umuhamagaro : nimureke urukundo rudushikane ku nyifato yahindutse.

Reba izindi article zivuga kubisa nkivyo aha.

Enregistrer un commentaire

0 Commentaires