Uriko uriyumvira ku biriko biraba birerekana ko hari
ikintu kidasanzwe kigiye gushika vuba cane, ariko ubuhanuzi bwa kazoza buragutse kandi
burakekeranya
Igihe cose, Imana yagiye iha ishengero ryayo ubutumwa budasanzwe.
Kandi nubwo ido n’ido
ry’ingene ubwo butumwa bushikirizwa rishobora kuba ritandukanye, intumbero nyamukuru
yamye ari yayindi:
Gushikana abantu mu migenderanire n’Imana; imigenderanire y’agakiza
izokwamaho gushitsa ibihe bidashira.
Haraheze imyaka irenga 2500, Imana yahamagaye umusore imurungika mu gikorwa
kitategerezwa kumara ubuzima bwiwe gusa, ariko categerezwa kumara imyaka myinshi
gushitsa mur’iki gihe cacu ndetse no mubihe bidashira.
Ahagaze atabwoba mu birimba vy’abami, Daniyeli yari umuco ukanyangana mu gihe
yakorera abahambaye cane yongera azirikana ko ari mu maso y’Umwami w’abami “ahishura
amabanga” kandi “agahishura ibizoshika mu misi ya nyuma” (Daniyeli 2:29).
Ubwo buhanuzi, na cane cane ubwo bwerekeye imisi y’iherezo, buraboneka mu Vyahishuwe
10 nk’ “agatabo gato,” kamatanishije ishashara gushika kw’iherezo ry’ibihe.
Yohana yabwiwe
ngo: “Genda wabire igitabo kizinguruye…kakire, ugatsontsomere; karakururira mu nda ariko
mu kanwa karagusosera nk’ubuki” (Ivyahishuwe 10:8,9).
Mu Vyahishuwe 10, Yohana avuga ubwoko bw’Imana bwahuye n’ibibazo vyo kutabona ico
bari biteze mu 1844. Igitabo kizinguruye n’igitabo ca Daniyeli, kirimwo ubuhanuzi bw’imisi
canke imyaka 2300 yerekeye uguhumanuka kw’ihema ryera hamwe n’urubanza rw’igenzura
rwagira rushike. Kwizera ko Yesu agira agaruke vyarasosa ku bizera b’Abategereje bari
bamurindiriye, ariko igihe Kristo ataseruka nk’uko bari bamwiteze, vyabaye akajoreza. “Bari
barigishije ubutumwa bwo kugaruka kwa Yesu, ariko igikorwa cabo nticari bwahere.
Hari
hariho ubundi butumwa bwiyongerako nabwo nyene mu nteguro y’Imana bwategerezwa
gushikirizwa isi yose. Ubwo butumwa bugabuwe mu mice itatu, buvugwa mu Vyahishuwe
14: 6-12, kandi buzwi nk’ubutumwa bw’abamalayika batatu.”
Mpwemu w’ubuhanuzi atubwira ko ubutumwa bwa mbere n’ubwa kabiri bwashikirijwe
n’abizera b’Abategereje ba mbere. Ubwa gatatu bwiyongera kur’ubwo bubiri bwa mbere kandi butegerezwa kuvugwa imbere gato y’uko Yesu agaruka. Ugushirwa hamwe kw’ubwo
butumwa bizohinduka umuhamagaro wa nyuma w’Imana kuri iyi si.
Igikorwa cacu rero nk’ishengero ry’amasigarira y’Imana, gitahurika neza binyuze mu
guhumekerwa: “Mu buryo bwihariye, Abategereje b’Umusi w’Indwi bashizwe mw’isi
nk’abashibamyi, n’abatwaramuco. Ni bo bahawe ukugabisha kwa nyuma kugenewe isi iri ku
mpfiro. Kuri bo hakayangana umuco utangaje w’ijambo ry’Imana. Bahawe igikorwa
guhambaye kuruta ibindi: Gutangaza ubutumwa bw’umumalayika wa mbere, uwa kabiri
n’uwa gatatu. Nta kindi gikorwa gihambaye kuruta ico. Ntibategerezwa kwemera ko hari
ikindi kintu ico ari coc ose cobasamaza… isi itegerezwa kuburirwa, kandi ubwoko bw’Imana
butegerezwa kuba abizigirwa ku kuntu Imana yabizigiye” (Ellen G. White, Testimonies for the
Church, Vol 9, p.19).
Kuberako Imana yatujeje igikorwa co gutangariza isi ubwo butumwa, mbega ingene
bihambaye kuri twebwe gutahura ubwo butumwa no kumenya agaciro ko kubusabikanya
n’abandi.
UBUTUMWA BWA MBERE
Ubutumwa bw’umumalayika wa mbere tubona mu Vyahishuwe 14 :6,7, butanganza
ubutumwa bwiza butazoshira: Agakiza kubwo kwizera no kubw’ubuntu bwa Kristo,
ubushobozi bwiwe buharira kandi bugatunganya. Umumalayika atangaza ko igihe c’urubanza
gishitse kandi akibutsa abantu gusenga Imana y’ukuri kandi bakayisenga mu kuri,
bakayemera nk’Umuremyi.
Ugutangaza ko turi mu bihe vy’urubanza gushimikiye kw’isohora ry’ubuhanuzi buvugwa muri
Daniyeli 8: 14 – buzokwira buce imisi 2300 (aha umusi wa gihanuzi ungana n’umwaka),
ihema ryera rizoca rihumanurwa. Kuva kw’igenekerezo rya 22 gitugutu 1844, tubaye mu gihe
kizwi nk’igihe c’urubanza rw’igenzura- uguhumanurwa kw’ihema ryo mw’ijuru. Ibizova muri
urwo rubanza rw’igenzura ni vyo bizokwerekana abazoja mw’ijuru igihe Yesu azogaruka.
Umuhamagaro wo gusenga Imana nk’Umuremyi ushira ubwo nyene ku bantu inshingano yo
kwubahiriza umusi Imana yashinze kugira ngo wame wibutsa igikorwa cayo co kurema.
Tubwirwa ngo: “Isabato kizoba igipimo gihambaye c’ubwizigirwa, kuko ari yo ngingo y’ukuri
yihariye abantu badahurizako. Igihe abantu bazoba bategerezwa gushirwa ku gipimo ca5
nyuma, umurongo utandukanya uzoshirwa hagati y’abakorera Imana n’abatayikorera” (Ellen
G White, the Great Controversy, p.605).
Ariko hari ibindi bisabwa hamwe no gusenga Imana
nk’Umuremyi- hategerezwa kuba ubushake bwo kwiyamiriza inyigisho y’ibinyoma ku
vyerekeye inkomoko y’ubuzima. Ntushobora kwizera ko habaye ihindagurika hanyuma ngo
uvuge ko Imana ari Umuremyi w’ijuru n’isi. Ivyo vyiyumviro bibiri ntivyigera bihuza. Ikindi
kandi ihindagurika ni kimwe mu bigize ukuvugana n’imizimu, kuko “abavugana n’imizimu
bigisha ko umuntu ari ikiremwa cavuye mw’ihindagurika, ko umuntu kuva avutse aguma
ahindagurika, gushika mu bihe bidashira, akazohereza kuba imana” (Ellen G. White, The
Great Controversy, p.554).
UBUTUMWA BWA KABIRI
Ubutumwa bw’umumalayika wa kabiri dusanga mu Vyahishuwe 14 :8, buvuga ukugwa kwa
Babuloni, bwashikirijwe ku ncuro ya mbere mu 1844 (Ellen G. White The Great Controversy,
p.389). Kubera ko mu buhanuzi iryo tangazo rikurikira itangazwa ry’urubanza kandi kuberako
amashengero ubwo butumwa bwerekeye yigeze kuba atunganye muri kahise, Babuloni
yerekeza hano ku mashengero yanse kwakira igabisha ryerekeye urubanza.
Ubutumwa “Kirakomvomvotse Babuloni” busubirwamwo mu Vyahishuwe 18 :1-4.
Ubwoko
bw’Imana bukiri muri Babuloni buhamagarirwa kuvayo kugira ngo ntibafatanye naho mu
vyaha vyaho ngo baheze basangire ivyago bizosukwayo. Gutyo rero Babuloni igizwe
n’amashengero yigisha ibinyoma vyinshi mu vy’iyobokamana vyagiye birigishwa n’ishengero
kuva mu gihe c’umwiza.
Nubwo ugukomvomvoka kwa Babuloni kwatanguye mu ci ryo mu 1844, n’igikorwa
kibandanya kandi ntigishobora guherahezwa igihe cose:
(1) amashengero atazoba aranka mu
buryo bweruye ubutumwa bw’abamalayika batatu buri mu Vyahishuwe 14 maze akemera
ubusazi n’ibitangaza vy’ibinyoma bizanwa na Satani;
(2) ayo mashengero yahakanye
azokwiyunga n’isi mu buryo bwuzuye, yemera kandi yizera ivyo isi yemera kandi yizera (Ellen
G White, the Great Controversy, p.390).
Kugira ngo abantu b’Imana bakiri muri Babuloni bamenye kandi batahure ko vyihutirwa
gusohoka, bategerezwa gutahura ivyaha n’amakosa ya Babuloni. Ivyo biha inshingano
ihambaye ubwoko bw’Imana kugira ngo barangure neza igikorwa bahawe co gushikiriza6
ubwo butumwa. Nubwo ugushikiriza ubwo butumwa bizohura n’ishavu rirenze hamwe
n’intambamyi zitey’ubwoba kuko bazoba bashize ahabona amabi ya Babuloni mu kwerekana
neza ico iri koko, dutegerezwa kubandanya tuja imbere mu rukundo rwa gikristo kandi
tudatirigana kuri Bibiliya, nk’uko abatubanjirije mu gikorwa muri kahise babigenje mu
kurangura igikorwa bahawe n’Imana (Ellen G White, the Great Controversy, p.606).
UBUTUMWA BWA GATATU
Ubutumwa bw’umumalayika wa gatatu, dusanga mu Vyahishuwe 14 :9-11, burimwo
ukugabisha gutomoye: Ntimusenge igikoko canke igishushanyo caco kandi ntimwakire
ikimenyetso caco. Ubwo butumwa bushingiye ku buhanuzi bwo mu Vyahishuwe 13.
Igikoko kigereranya ishengero ryataye umurongo. Igishushanyo c’ico gikoko gishirwaho
n’igikoko ca kabiri kigereranya Leta zunze ubumwe za Amerika. Muzirikane insiguro Ellen
White yatanze: “Kugira ngo Leta zunze ubumwe za Amerika zikore igishushanyo c’igikoko,
ubutegetsi bw’idini butegerezwa kuzobanza kurusha inkomezi ubutegetsi bw’igihugu ku
rugero rw’uko ubutegetsi bwa Leta buzokoreshwa n’ishengero kugira ngo rishike ku
ntumbero zaryo bwite” (Ellen G. White, The Great Controversy, p. 443).
Haheze imyaka irenga 200, Leta zunze ubumwe za Amerika zifatwa nk’akarorero
k’umwidegemvyo wo kwemera. Nubwo bir’uko nk’uko ubuhanuzi bwa Bibiliya bubivuga,
igihe kiraje aho umwidegemvyo wo kwemera uzohonyangwa, maze habe umugwi
uzokoresha ubutegetsi ku buryo hazoshingwa amategeko ashira mu ngiro ivyipfuzo
vy’amashengero yahakanye Imana. Ikizoherukira ibindi muri iryo korwa ry’igishushanyo ni
ukutihanganira uyo wese atazokwemera ivyo iyo migenderanire hagati y’ishengero na Leta
izoba itegeka (The Great Controversy, p.445).
Ikimenyetso c’igikoko, ukwubahiriza umusi wo gusenga utariwo, ni itegeko ryerekana neza
ubushobozi bw’igikoko. Hari ishengero ryiyemera cane ko ryashoboye guhindura isabato
y’umusi w’indwi (Samedi) rikayishira ku wa mbere w’imisi indwi (Dimanche). Ayandi
mashengero avuga ko ahimbaza Dimanche mu ntumbero yo kwibuka ukuzuka kwa Kristo.
Ivyo vyose nta na hamwe Bibiliya ibishingira intahe ngo ibishigikire.
Abarongozi b’amadini yahakanye bazokwuzura ishavu kuko batazoshobora kuvuguruza
ibimenyamenya vya Bibiliya vyerekana ko Isabato ya Samedi ari iyera, gutyo rero abubahiriza7
isabato y’ukuri bazohamwa bamwe bafungwe. Hagati mur’ivyo bihe, itangazwa
ry’ubutumwa bwa malayika wa gatatu kizoba ikintu kidasanzwe kuko abantu bazoba babona
ubuhanuzi bushika neza na neza nk’uko abitondera amategeko y’Imana babivuze.
Mu gihe intambara hagati y’ukuri n’ikinyoma irushirizaho gukomera mw’ishengero ry’Imana
naho haba igosora. “Uko igihuhuta carushiriza kwegereza niko umurwi w’abantu bavuga ko
bizera ubutumwa bwa Malayika wa gatatu ariko bakaba batejejwe no kwumvira ukuri,
bazoheba inzira y’ukuri bifatanye n’abagwanya ukuri.
Mu kwifatanya n’isi bagasangira nayo
ivyiyumviro vyayo, vyabashikanye kubona ibintu nk’uko isi nayo ibibona; maze mu gihe
bacishijwe mu bigeragezo, baba biteguriye guhitamwo uruhande rworoshe rurimwo
benshi…Ivyo vyatumye bahinduka abansi ruhebwa b’abahoze ari benewabo” (Ellen G. White,
The Great Controversy, p.608).
Abo bumira ku mucunguzi wabo kandi bakanka guheba ukuri dusanga mu butumwa
bw’abamalayika batatu, bazotahura ko bategerezwa, kubw’inkomezi z’Imana kubandanya
igikorwa cayo hanyuma ibisigaye bakareka ikaba ariyo imenya ingene bigenda. Mu maso
habo hazokwaka umuco banyaruke bava mu gace kamwe baja mu kandi kugira ngo
batangaze ubutumwa bw’ijuru… Ubutumwa buzoshikirizwa batishimikije ku majambo yabo
ahubwo bishimikije ku gutahuzwa na Mpwemu Yera mu buryo bwimbitse…
Ukuri kuzoba kuboneka neza mu muco wakwo, maze abana b’Imana b’abizigirwa bacagagure
iminyororo yari ibaboshe … Nubwo inkomezi zizoba zishize hamwe ngo zigwanye ukuri
igitigiri kinini kizohereza kuja mu ruhande rw’Umukiza” (Ellen G. White The Great
Controversy, p.612).
Bene wacu bashiki banje, ivyo tubona uyu musi n’umuhamagaro kugira ngo twikangure,
uduhamagarira kuraba ijambo ry’Imana kandi ngo twitegurire ibigira bize. Ni mukuruhukira
muri Yesu gusa mu buryo bwuzuye no mu bushobozi bwa Mpwemu Yera tuzoshobora
kurangura ico dusabwa cose! Imana iriko iradutegiurira isukwa ry’imvura y’urushana
izodushoboza gutangaza n’ijwi rirenga ubutumwa biwera bw’abamalayika batatu.
Uyu musi ndabatumirira kwakira umuhamagaro w’Imana mu kuvuga muti: “Ego, Mwami,
kubw’inkomezi n’ubushobozi bwawe, nzogenda gutangaza ubutumwa bw’abamalayika
batatu. Aho uzondungika hose, nditeguye kugenda. Amen.
Ibibazo vyo kwiyumvirako:
1. Kubera iki ari ngira kamaro gusoma ubutumwa bw’abamalayika batatu mu ndabo yagutse
y’ubuhanuzi bwa Bibiliya?
2. N’iki mwobwira abantu basomye ibi bisomwa maze bakababwirako bafise ubwoba bwo
kwiyumvira kwiherezo ry’ibihe hamwe n’ibizoshika mu gihe ca nyuma?
3. Ni gute wokwubaka intimatima y’ubutumwa bw’abamalayika batatu mu gihe woba
utegerezwa kubushikiriza umugenzi atarigera yumva buvugwa?
Dutegerezwa kubandanya tuja imbere dufise urukundo rwa gikristo kandi tudatirimuka
kuri Bibiliya, nk’uko abatubanjirije muri kahise baranguye igikorwa Imana yari
yarabahaye.
1 Commentaires