Intangamarara
Muri iyi si turimwo, abantu benshi bakunda Imana kandi bipfuza kuyikorera mu kuri. Ariko hari ukuri kwinshi kutigishwa neza mu mashengero menshi. Kimwe muri vyo ni ikibazo c’Isabato y’ukuri Imana yashizeho kuva mw’itanguriro.
Abantu benshi barasenga ku musi wa mbere w’indwi, ariko Bibiliya yerekana neza ko Imana yejeje kandi iha umugisha umusi ugira indwi, ari wo wa gatandatu.
1. ISABATO YATANGUYE MW’ITANGURIRO
Itanguriro 2:1-3
“Ku musi ugira indwi Imana iraheza ibikorwa vyayo yari yakoze; iraruhuka ku musi ugira indwi...”
Imana yakoze ibintu bitatu kuri Isabato:
- Yararuhutse
- Yarahezagiye uwo musi
- Yawujejeje
2. ISABATO IRI MU MATEGEKO CUMI
Kuvayo 20:8-11
“Wibuke kweza umusi w’isabato...”
Imana yavuze neza ko umusi ugira indwi ari wo Sabato yayo.
3. YESU YUBAHIYE ISABATO
Luka 4:16
“Nk’uko yari amenyereye, ku musi w’isabato yinjira mw’isinagogi.”
Yesu ntiyahinduye Isabato, ahubwo yarayubahirije.
4. INTUMWA ZAKOMEJE KWEZA ISABATO
Ivyakozwe 17:2
“Pawulo... imisi itatu y’isabato ajya impaka na bo ava mu vyanditswe.”
Na nyuma y’izuka rya Yesu, intumwa zakomeje kweza Isabato.
5. NONE NI NDE YAHINDUYE ISABATO?
Daniyeli 7:25
“Azokwiyumvira guhindura ibihe n’ivyagezwe.”
Amateka yerekana ko umusi wa mbere watanguye kwubahirizwa n’ubutegetsi bw’i Roma, ariko nta murongo n’umwe wa Bibiliya uhindura Isabato.
6. UMUSI WA MBERE SI ISABATO YO MURI BIBILIYA
Yesu yazutse ku musi wa mbere, ariko nta tegeko ryigeze rivuga ko uwo musi uba Isabato nshasha.
- Nta tegeko ryo kweza uwo musi
- Nta murongo uhindura Isabato
- Nta hantu intumwa zabitegetse
7. ISABATO IZOGUMA NO MW’IJURU NSHASHA
Yesaya 66:22-23
“Isabato igakurikira iyindi, abantu bose bazogaruka gusenga imbere yanje.”
8. IKIMENYETSO C’ABANTU B’IMANA
Ivyahishuwe 14:12
“Bitondera amategeko y’Imana no kwizera kwa Yesu.”
Abantu b’Imana bakunda amategeko yayo kandi bakayubaha.
9. GUKURIKIRA BIBILIYA CANKE IMIGENZO?
Mariko 7:7
“Inyigisho bigisha ari amategeko y’abantu.”
Imana iduhamagarira gukurikira Ijambo ryayo aho gukurikira imigenzo y’abantu.
10. UHAMAGARO BWANYUMA
Ivyahishuwe 18:4
“Nimusohoke muri we, bantu banje...”
Imana ishaka ko abantu bayo bamenya ukuri kandi bakubaha amategeko yayo.
Umwanzuro
Ukuri kw’Isabato si ikibazo c’umusi gusa, ahubwo ni ikibazo c’ukwumvira Imana.
“Imana yavuze iki?”
Bibiliya yerekana neza ko Isabato yashinzwe n’Imana kandi ntiyahinduwe n’Ijambo ryayo.
Ibibazo vyo Kwigirako
1. Isabato yatanguye ryari?
2. Ni uwuhe musi Imana yejeje?
3. Yesu yigeze ahindura Isabato?
4. Ni nde yahinduye umusi wo gusenga?
5. Twebwe dukwiye gukurikira nde?
Isengesho
“Mwami Mana, dufashe gukunda ukuri kwawe no gukurikira Ijambo ryawe. Duhe umutima wo kwumvira amategeko yawe no kweza Isabato yawe yera. Amen.”



1 Comments