OneVoice27 : Igikorwa c’Ivugabutumwa ku rwego rw’Isi yose gishingiye kuri Bibiliya
Mu nama nkuru y’umwaka wa 2025, Ishengero ry’Abadiventiste b’Umunsi wa Karindwi ryaratanguje umuhamagaro udasanzwe ku bizera bose kw’isi: OneVoice27. Iki gikorwa kizoshika ku musozo mu kwezi kwa Nyakanga 2027, aho ubutumwa bwiza bw’ibihe vyose buzoshikirizwa amoko yose y’abantu, biciye mu bice vyose vy’itangazamakuru.
OneVoice27 ni iki?
OneVoice27 ni gahunda yo guhuzwa kw’ishengero kw’isi yose, kwerekeza ku butumwa bumwe, butangwa mu gihe kimwe, biciye mu nzira zose:
-
Televiziyo
-
Iradiyo
-
Imbuga za internet
-
Ibinyamakuru vyandikwa
Uyu mugambi ushingiye kuri Strategie y’ishengero 2025–2030, ugamije guhuriza abizera bose ku murimo umwe — kumenyekanisha Yesu no gukura abandi mu mwijima w’ubujiji bwo kutamenya Imana.
🙏 Ukwitegura : Gusenga no Gushikira Mpwemu Yera
Abizera barasabwa gusubira ku gicaniro c’amasengesho, basaba inkomezi za Mpwemu Yera. Igihe co kwiyegereza Imana ni iki. Dusubira kwiga ubuhanuzi bwa Daniyeli n' Ibyahishuwe, tukamenya Yesu yaje n’uwo turindiriye vuba. Umubano wa buri munsi na Kristo uhindura ingo, imvugo, n’ingiro zacu.
🎯 Intumbero y’iki gikorwa
-
Guhindura abantu abigishwa biciye mu kwiga Bibiliya
-
Gushira ihangiro ku bantu batari basanzwe baramenye Yesu
-
Guhuza itangazamakuru n’ishengero muntumbero yo kwamamaza ubutumwa bwiza muburyo bwihuse.
-
Kugira ibikorwa vy’amavugabutumwa ku ma Cite atandukanye menshi ashoboka (Evangelism Harvest Events) mu mashengero mu kwezi kwa Nyakanga 2027
🌍 Umuhamagaro ku bantu bose
Ibi bikorwa ntibireba abakozi b’ishengero gusa. Buri mu kirisu arashobora kugira ico atanga:
-
Ijwi ryiwe
-
Impano ziwe
-
Urubuga rwiwe rwa sociale media
-
Amasengesho yiwe
-
Urugo rwiwe
None wewe uri hehe? Urashaka kwinjira muri OneVoice27? Ushaka kwinjira? kanda ngaha OneVoice27 Tel: +257 61 208 669
Tags: OneVoice27, Adventiste, Ivugabutumwa, Global Mission, 2027, SDA
Usaha ubutumwa bwiza ? kanda aha

0 Commentaires